#314a
Intambara ncamwo
Umuco
Couplet 1
Intambara ncamwo zatumye nitwa umuhizi, mu Kwizera, kand’ Umwami Yesu niw’ amp’ intsinzi, kugira ngo nesh’ Umwansi.
Refrain
Kuko tutarwanish’ umubiri, iyo turwa na n’impwemu mbi, Intambara y’Ukwizera, Irwanirwa muri Mpwemu.
Couplet 2
Igihe ca nyuma kirahambaye, ku bizey’ Umwami Yesu, Satani yahagurutse n’ingabo ziwe, kugir’ agwany’ Umugeni.
Refrain
Kuko tutarwanish’ umubiri, iyo turwa na n’impwemu mbi, Intambara y’Ukwizera, Irwanirwa muri Mpwemu.
Couplet 3
Mbega mwene Data naw’ uragomba, iyo Ntsinzi, ihambaye, ibonerwa mu Maraso y’Umwami Yesu, Yaviriye Abizera.
Refrain
Kuko tutarwanish’ umubiri, iyo turwa na n’impwemu mbi, Intambara y’Ukwizera, Irwanirwa muri Mpwemu.
Couplet 4
Haranir’ Ukwizera kugira ngo witwumuhizi, mu Rugendo, iy’imiruh’ urimwo n’iy’izot’ umuronk’ intsinzi, kuri vyose.