#313
Izina rya Yesu
Umuco
Refrain
Izina rya Yesu x4
Couplet 1
Izina rya Yesu n’Izina rikomeye, Izina rya Yesu n’Izina ryo kwubahwa; nzorishing’ irintahe aho nzoba ndi hose kukw’ari ryo twahawe musi y’ijuru.
Refrain
(Jewe-e-e-e, Nabwiw’ Ubutumwa mw’Izina rya Yesu, kandi nabatijwe mw’Izina rya Yesu. Peter’ avugishwa na Mpwemu Yera, ati mwese ni mwihan’ ivyaha vyanyu, kandi mubatizwe mw’Izina rya Yesu, muzoronk’ ingabire ya Mpwemu Yera.)
Couplet 2
Har’abanka kubatiza mw’Izina rya yesu, Bagashima kubatiza mu mazina atatu. Ariko naho yoba n’umumarayika, akigish’ibinyuranye n’ivy’intumwa zigishije ico n’ikivume imbere y’Imana.
Refrain
(Jewe-e-e-e, Nabwiw’ Ubutumwa mw’Izina rya Yesu, kandi nabatijwe mw’Izina rya Yesu. Peter’ avugishwa na Mpwemu Yera, ati mwese ni mwihan’ ivyaha vyanyu, kandi mubatizwe mw’Izina rya Yesu, muzoronk’ ingabire ya Mpwemu Yera.)
Couplet 3
N’abigishwa ba Yohana’Umubatizi na bo, baremeye kubatizwa mw’Izina rya Yesu. Na ya nkone yabwiw’Ubutumwa bwiza, ihishurirw’ Izina ry’Umwami Yesu, Filipo yayibatije mw’Izina rya Yesu.
Refrain
(Jewe-e-e-e, Nabwiw’ Ubutumwa mw’Izina rya Yesu, kandi nabatijwe mw’Izina rya Yesu. Peter’ avugishwa na Mpwemu Yera, ati mwese ni mwihan’ ivyaha vyanyu, kandi mubatizwe mw’Izina rya Yesu, muzoronk’ ingabire ya Mpwemu Yera.)
Couplet 4
Naw’ubatiz’abantu mu mazin’atatu, ndafis’ikintu ngira ndakwibarize: Ese k’ufise Bibiliya kand’uyisoma, mbega wombwir’umuntu muri Bibiliya, yoba yabatijwe mu mazin’atatu?
Refrain
(Jewe-e-e-e, Nabwiw’ Ubutumwa mw’Izina rya Yesu, kandi nabatijwe mw’Izina rya Yesu. Peter’ avugishwa na Mpwemu Yera, ati mwese ni mwihan’ ivyaha vyanyu, kandi mubatizwe mw’Izina rya Yesu, muzoronk’ ingabire ya Mpwemu Yera.)
Couplet 5
Nawe waj’uyu musi wumvis’ubutumwa, ihan’ivyaha vyawe urababarirwa. Sab’umubatizo wo mw’Izina rya Yesu, Yesu-atez’ibiganza arahamagara, kand’aracari ku ntebe y’imbabazi.