#314b
Ni nasenga ngateba kwishurwa
Umuco
Couplet 1
Ni nasenga nga-teba kwishurwa nzosaba Yesu kwihangana, nzomenya neza kw’igihe canje co kwishurwa kitarashika.
Refrain
Nzihangana gushits’ iherezo, nzihangana gushitsa nishurwe, nzihangana gushits’ Agaruke, nzihangana nzihangana.
Couplet 2
Ninabon’ibintu bihindutse nzosaba Yesu kwihangana, nzomenya kwar’ ivy’ igihe gito kandi kw’ iyi si igiye gushira.
Refrain
Nzihangana gushits’ iherezo, nzihangana gushitsa nishurwe, nzihangana gushits’ Agaruke, nzihangana nzihangana.
Couplet 3
Ewe Satani waratsinzw’ ubu nah’ unzaniramw’ intege nke, ndazi kw’ integuro y’Umukiza yama yiteguriye gushika.
Refrain
Nzihangana gushits’ iherezo, nzihangana gushitsa nishurwe, nzihangana gushits’ Agaruke, nzihangana nzihangana.