Indirimbo Zikundwa Open in the app

#312

Zan’ubugingo bwawe

Umuco

Couplet 1

Zan’ubugingo bwawe, ubushire mu bwato, zana n’ivyawe vyose, shira mu bwato; uburake buraje kandi butey’ ubwoba, bugiye kurimbura.

Refrain

Abantu barimbuwe n’umwuzure w’amazi, kuko banse kwumvira ngo bihane, kuko Nowa yavuga n’ijwi rirenga cane, bakanka kumwumvira, bararimbuka.

Couplet 2

Turahunga Satani, turahung’ Igikoko, igitigiri caco caraharuwe, natwe tukumv’ iryo jwi, ritubarira riti: “Sohoka muv’ iwe mwese”.

Refrain

Abantu barimbuwe n’umwuzure w’amazi, kuko banse kwumvira ngo bihane, kuko Nowa yavuga n’ijwi rirenga cane, bakanka kumwumvira, bararimbuka.

Couplet 3

Eh’Umuco waratse, wakir’ umw’ umwe wese, none nind’ akigendera mu mwijima; Itara ryadometswe ryerekan’ uwo Muco, n’Ijambo ry’Ubuhanuzi.

Refrain

Abantu barimbuwe n’umwuzure w’amazi, kuko banse kwumvira ngo bihane, kuko Nowa yavuga n’ijwi rirenga cane, bakanka kumwumvira, bararimbuka.