Indirimbo Zikundwa Open in the app

#310

Nari nicecekeye

Umuco

Couplet 1

Nari nicecekeye, kandi njumarariwe; Nkumva ko ntar’aho nabwirizwa kuba kubw’ uruhongore nari navukiyemwo.

Refrain

Idamba rirahamagara irindi rikishura; Mperaho ndaguruka, mbona kuv’aho nari ndi; non’ubu, ndi mu Bwami, bw’Imana ya Yakobo.

Couplet 2

Hash’iz’igihe gito, numvis’ ikiguruka; ndangamije hejuru mbona n’inkuma; isemerer’ irondera umwana wayo.

Refrain

Idamba rirahamagara irindi rikishura; Mperaho ndaguruka, mbona kuv’aho nari ndi; non’ubu, ndi mu Bwami, bw’Imana ya Yakobo.

Couplet 3

Numvise ijwi ryayo, numva duhuj’ imvugo; nca mper’ aho ndavuga nay’ iranyishura; iti duguz’ aho wategerezwa kuba.

Refrain

Idamba rirahamagara irindi rikishura; Mperaho ndaguruka, mbona kuv’aho nari ndi; non’ubu, ndi mu Bwami, bw’Imana ya Yakobo.

Couplet 4

Nkiguruka vyarangoye, kuko nahora mu nkoko; nya nkukuma nya mvyeyi ic’irandamira, inshikana ah’inkukuma zindi ziri.