Indirimbo Zikundwa Open in the app

#308

Imana yabwiye aburahamu

Umuco

Couplet 1

Imana Yabwiye Aburahamu, Iti n’uve i wanyu no mu muryang’i wanyu, uje aho Jewe nzokwereka, Aho jewe nashiz’Izina Ryanje.

Refrain

Nzosengera (2x), ah’Imana Yashize Ijambo Ryayo, Nzosengera (2x), ah’Imana Yashiz’ Izina Ryayo.

Couplet 2

Imana Yabwiye ab’Israeli, Iti: ntimuzigere musengera namba, ahantu ah’ari ho hose, kiretse aho Nashiz’ Izina Ryanje.

Refrain

Nzosengera (2x), ah’Imana Yashize Ijambo Ryayo, Nzosengera (2x), ah’Imana Yashiz’ Izina Ryayo.

Couplet 3

Mu gutanga ishikanwa ryabo, mu gutanga ibigiracumi vyabo; bama baja ku musozi Wera, ah’Imana Yashiz’ Izina Ryayo.

Refrain

Nzosengera (2x), ah’Imana Yashize Ijambo Ryayo, Nzosengera (2x), ah’Imana Yashiz’ Izina Ryayo.

Couplet 4

Iki gihe ibicaniro ni vyinshi, vyitirirwa amazina menshi cane; ariko ah’ umuvyimb’ uzob’ uri, nih’ inkukuma zizokoranira.

Refrain

Nzosengera (2x), ah’Imana Yashize Ijambo Ryayo, Nzosengera (2x), ah’Imana Yashiz’ Izina Ryayo.

Couplet 5

Ubutumwa butegur’ Umugeni, bwazanywe n’Umuhanuzi w’iki gihe cacu, aho niho honyene, aho niho nyene, nih’ Imana Yashiz’ Izina Ryayo.

Refrain

Nzosengera (2x), ah’Imana Yashize Ijambo Ryayo, Nzosengera (2x), ah’Imana Yashiz’ Izina Ryayo.