Indirimbo Zikundwa Open in the app

#307

Igihe ni kibi, shengero ry’imana.

Umuco

Couplet 1

Igihe ni kibi, Shengero ry’Imana, Guma mw’Ijambo rya Yesu tugira dutahe. Teg’ugutwi bwenge, wiyamirize gipfu, Niwirind’ umwambiro w’abafarisayo.

Refrain

Umuvugishwa w’igihe cacu yarashiz’ ijwi hejuru, ngo mwongera kumubamba nko ku Musaraba. Inyigisho z’amadini muzirutish’ivya Yesu, mwongera kumubamb’ ubugira kabiri.

Couplet 2

Ibuk’aho bamubamba, ico bamuziza, ngo yigira Imana kand’azirur’isabato. Bari bahegekey’ibitabo vyabo, mugabo ntibahishuriwe Umwami uw’ari we.

Refrain

Umuvugishwa w’igihe cacu yarashiz’ ijwi hejuru, ngo mwongera kumubamba nko ku Musaraba. Inyigisho z’amadini muzirutish’ivya Yesu, mwongera kumubamb’ ubugira kabiri.

Couplet 3

Bamushikanye, I Nyagahanga, baramucurira kandi banamubambaho. Ub’abonekera, mw’Ijambo ryiwe, bongera ku mubamba, ko bank’ivy’ukuri.

Refrain

Umuvugishwa w’igihe cacu yarashiz’ ijwi hejuru, ngo mwongera kumubamba nko ku Musaraba. Inyigisho z’amadini muzirutish’ivya Yesu, mwongera kumubamb’ ubugira kabiri.

Couplet 4

Ko batamumenye, mur’ico gihe, N’ubu shengero ntibonamumenya, ko batatahuye, abana b’Imana n’ub’Ishengero ryiwe ntiboritahura.

Refrain

Umuvugishwa w’igihe cacu yarashiz’ ijwi hejuru, ngo mwongera kumubamba nko ku Musaraba. Inyigisho z’amadini muzirutish’ivya Yesu, mwongera kumubamb’ ubugira kabiri.

Couplet 5

Shengero ry’Imana, shikam’ukenyere, kuko tur’abashikwako n’amasezerano. Turi kw’iherezo ry’ibihe vy’iherezo, kuk’Umumarayika yavuze ngo ntibigitevye.

Refrain

Umuvugishwa w’igihe cacu yarashiz’ ijwi hejuru, ngo mwongera kumubamba nko ku Musaraba. Inyigisho z’amadini muzirutish’ivya Yesu, mwongera kumubamb’ ubugira kabiri.

Couplet 6

Abasenzi ni benshi, amadini n’injojo, inyigisho ni nyinshi igihe kigeze he? N’abasizw’amavuta bo mu gihe canyuma, ariko Mpwemu n’Umugeni baracahamagara.

Refrain

Umuvugishwa w’igihe cacu yarashiz’ ijwi hejuru, ngo mwongera kumubamba nko ku Musaraba. Inyigisho z’amadini muzirutish’ivya Yesu, mwongera kumubamb’ ubugira kabiri.

Couplet 7

Abana b’Imana, bafis’Umwami umwe ukwizera kumwe n’umubatiz’umwe. Bubatswe ku rufatiro rw’intumwa n’abahanuzi Yesu akab’ibuye rigumya imfuruka.