Indirimbo Zikundwa Open in the app

#304

Mwene data n’ukorer’imana

Umuco

Couplet 1

Mwene Data n’ukorer’ Imana, wiyubare mu vyuvuga vyose, usuzume amajambo yawe yose ./.Usuzume n’ibikorwa vyawe./.

Refrain

Wiyubare, wiyubare; wiyubare, mu ngendo zawe; ntiwanjanjwe kur’ubwo Buntu, wagiriwe n’Uhoraho.

Couplet 2

Ntumere nk’icapa canditswe ku nzira, cerekan’ inzir’ija mu gisagara, arik’ ubwaco kitazoshikayo ./.kukw’ ata bwenge buri muri co./.

Refrain

Wiyubare, wiyubare; wiyubare, mu ngendo zawe; ntiwanjanjwe kur’ubwo Buntu, wagiriwe n’Uhoraho.

Couplet 3

Uhuye na mwene So wundi nawe, umwamir’ imbuto nziza cane, muganir’ ivy’ Ubwami bwo mw’Ijuru ./.ntimut’ umwanya mu vy’ubusa./.

Refrain

Wiyubare, wiyubare; wiyubare, mu ngendo zawe; ntiwanjanjwe kur’ubwo Buntu, wagiriwe n’Uhoraho.

Couplet 4

Nk’uko mwicaye ngaho muganira, har’ ikibahuza hagati yanyu: ni Satani canke ni Yesu Kristo ./.ni mwiyubare mu mvugo zanyu./.

Refrain

Wiyubare, wiyubare; wiyubare, mu ngendo zawe; ntiwanjanjwe kur’ubwo Buntu, wagiriwe n’Uhoraho.

Couplet 5

Nti wigungan’ ivy’ Imana Yaguhaye, ivyo nta kimazi vyokuzanira, n’ukorere Imana hakibona ./.Igihe bikigushobokera./.

Refrain

Wiyubare, wiyubare; wiyubare, mu ngendo zawe; ntiwanjanjwe kur’ubwo Buntu, wagiriwe n’Uhoraho.