Indirimbo Zikundwa Open in the app

#305

Naho nkuburir’ukanka

Umuco

Couplet 1

Naho nkuburir’ ukanka, Imana yanj’ irapfuha. Incabit’ iri mu mizi, y’igiti cose kitama. Ijambo ric’ urubanza, abizera bagatsinda; ./.Ibikorwa vyawe ni vyasha, urubanza ruzoba ar’urwo./.

Refrain

Nkuko Satani yakoze, Hariya muri Edeni: na n’ubu niko akoraaa, Shengero nimube maso.

Couplet 2

Watewe muri Paradiso, wavomewe kuva kera. Urary’ ariko ntiwama, kand’ uz’ ikibi n’iciza, hagarara va mu bapfuye, rya ku giti c’ubugingo ./.Reka kwam’ ivyamwa birumvye am’ ivyamwa vya Mpwemu Yera./.

Refrain

Nkuko Satani yakoze, Hariya muri Edeni: na n’ubu niko akoraaa, Shengero nimube maso.

Couplet 3

Kanguka wew’usinziriye, Umwami Yesu ari kw’irembo. Arahamagar’ati ngwino, ugendere mu kuri kose. Abakoran’urukundo, nibo bubak’i Siyoni: ibibanza vyaratanzwe, tangura nawe wubake.

Refrain

Nkuko Satani yakoze, Hariya muri Edeni: na n’ubu niko akoraaa, Shengero nimube maso.

Couplet 4

Watumwe kuvug’ukuri, none wivugir’ivy’ushaka; incabit’iri mu mizi y’igiti cose kitama, Umugeni ntategurwa, n’inyigisho z’ivy’ubwenge ./.ategurwa n’ubutumwa, bwavuzwe n’umuhanuzi./.

Refrain

Nkuko Satani yakoze, Hariya muri Edeni: na n’ubu niko akoraaa, Shengero nimube maso.