Indirimbo Zikundwa Open in the app

#303

Yemwe shengero muze dusab’ubwenge

Umuco

Couplet 1

Yemwe Shengero muze dusab’ Ubwenge, kugira ngo tumenye, ivyo dukora. Umwami Yesu atwugurur’ amatwi, aduhumur’ amaso tubon’ Umuco.

Refrain

Birababaje Shengero birababaje; kubon’ umuntu Imana Yiremeye, ikamuh’ ubwenge n’amatwi yo kwumva, Arikw’ akazorimbuka birababaje.

Couplet 2

Abenshi cane, bamaze gut’ Inzira, y’Umucunguzi wacu, Yesu Kristo. Bateg’ amatwi, amajambo ya gipfu, aho guteg’ amatw’ ivya Bwenge.

Refrain

Birababaje Shengero birababaje; kubon’ umuntu Imana Yiremeye, ikamuh’ ubwenge n’amatwi yo kwumva, Arikw’ akazorimbuka birababaje.

Couplet 3

Umuco waramaze kwaka mur’ iki gihe, ariko benshi, ntibawubona. Abandi nabo, bakizib’ amatwi yabo ngo ntibumv’ Ijambo ry’Ubuhanuzi.

Refrain

Birababaje Shengero birababaje; kubon’ umuntu Imana Yiremeye, ikamuh’ ubwenge n’amatwi yo kwumva, Arikw’ akazorimbuka birababaje.

Couplet 4

Mur’iki gihe, iy’Ijambo rishitse, benshi baca bavuga, ngo nico kimwe; bakabona ko, vyos’ar’ ibintu bisa, kuko batarahumuk’ amaso.