#300a
Nzokwama ndirimbir’umwami
Umuco
Refrain
Nzokwama ndirimbir’ Umwami, nzokwama nshimir’ Umwami, nzokwama Nshima, Nshimir’ Umwami ./.Haleluya, Haleluya./.
Couplet 1
Yankuye habi, kwa Satani, Anzana mu ruhongore rwiwe, Angaburira, Ijambo Ryiwe, ry’Ubugingo rimurikira.
Refrain
Nzokwama ndirimbir’ Umwami, nzokwama nshimir’ Umwami, nzokwama Nshima, Nshimir’ Umwami ./.Haleluya, Haleluya./.
Couplet 2
Ijambo ryiwe, rifise Inkomezi, rihindura umugarariji, rikamugira umwana w’Imana, akaririmba agakurikira Yesu.
Refrain
Nzokwama ndirimbir’ Umwami, nzokwama nshimir’ Umwami, nzokwama Nshima, Nshimir’ Umwami ./.Haleluya, Haleluya./.
Couplet 3
Aranyagira, mur’iryo Jambo, Arinyoboza Anyengenga. Amurikira, mur’ uyu mwiza, eka sinkijuragirika namba.
Refrain
Nzokwama ndirimbir’ Umwami, nzokwama nshimir’ Umwami, nzokwama Nshima, Nshimir’ Umwami ./.Haleluya, Haleluya./.
Couplet 4
Ubu sintinya, eka singanya, kuko ndikumwe n’Umwami Yesu. Nzokwama mu ruhongore rw’intama, nzokwama numvira uwo Mwungere.
Refrain
Nzokwama ndirimbir’ Umwami, nzokwama nshimir’ Umwami, nzokwama Nshima, Nshimir’ Umwami ./.Haleluya, Haleluya./.
Couplet 5
None Mwungere, ngushikaniye, ubu buzima bwanje bwose, Ubuhingure mw’igikoresho, gikora ivyiza bigushima.
Refrain
Nzokwama ndirimbir’ Umwami, nzokwama nshimir’ Umwami, nzokwama Nshima, Nshimir’ Umwami ./.Haleluya, Haleluya./.
Couplet 6
Shimwa Mwami, Shimwa Yesu, eka n’Ushimwe, Shimwa Mwami; Himbazwa Mwami, Himbazwa Yesu, eka Himbazwa, Haleluya!