Indirimbo Zikundwa Open in the app

#300b

Mwami Yesu mwam’imana yera

Umuco

Couplet 1

Mwami Yesu, Mwami Imana Yera, ni Wewe womenya ingorane zanje. Ninashika mubigeragezo, ntawundi Mwami, yompoz’ amarira.

Refrain

Umv’ugusenga kw’ abahungu bawe, umv’ ugusenga kw’ abakobwa bawe, teg’ ugutwi Mwami ukwinginga kwacu, tugutakambira ijoro n’umurango.

Couplet 2

Iki gihe, kiragoye cane, n’igihe c’intambara, n’igihe c’iherezo. Abantu benshi bamaze kwidibamira, ntibamenya yuko Wegereje kuza.

Refrain

Umv’ugusenga kw’ abahungu bawe, umv’ ugusenga kw’ abakobwa bawe, teg’ ugutwi Mwami ukwinginga kwacu, tugutakambira ijoro n’umurango.

Couplet 3

Ndagusavye Mpwemu wawe Yera, az’ ampishurire amabanga yawe. Kugira neshe, intege nke nyinshi, zo mur’ iki gihe, c’i Lawodikiya.

Refrain

Umv’ugusenga kw’ abahungu bawe, umv’ ugusenga kw’ abakobwa bawe, teg’ ugutwi Mwami ukwinginga kwacu, tugutakambira ijoro n’umurango.

Couplet 4

Ab’ukunda, urabiyegereza, bakabana nawe, bakakubwira vyose. Ukabiyereka nabo bakakubona, ukabana nabo, ijoro n’umurango.