Indirimbo Zikundwa Open in the app

#297

Turasoma mw’ijambo ry’uhoraho

Umuco

Couplet 1

Turasoma mw’ijambo ry’Uhoraho, yuko Aburahamu yizeye Imana imukura mu gihugu c’iwabo imwereka igihugu c’isezerano, kubw’ukwizera yaraciboneye.

Refrain

Nawe mwene Data, n’utahure yuko Ukwizera, ar’ukumenya rwose ivyizigirwa, udakekeranya, n’ibitabonwa nikwo kubitumenyesha, kuko kutubwira, kw’ar’ivy’ukuri.

Couplet 2

Mbega ukwizera, sikwo kwanatumye Abera b’Imana, bashikira neza, ivy’Imana yabasezeranira, bakagendana nayo itaboneka, gushika naho Henoki azamurwa.

Refrain

Nawe mwene Data, n’utahure yuko Ukwizera, ar’ukumenya rwose ivyizigirwa, udakekeranya, n’ibitabonwa nikwo kubitumenyesha, kuko kutubwira, kw’ar’ivy’ukuri.

Couplet 3

Ukwizera nikwo kwatumye, Nowa yumvira ijwi ry’Umwami Imana nzima, akubaka ubwato bamucokora gushika naho umwuzure waza, agakira n’abamwumviye bose.

Refrain

Nawe mwene Data, n’utahure yuko Ukwizera, ar’ukumenya rwose ivyizigirwa, udakekeranya, n’ibitabonwa nikwo kubitumenyesha, kuko kutubwira, kw’ar’ivy’ukuri.

Couplet 4

Kandi yemwe hanga ry’Imana nzima, ukwizera kwatumye Daniyeli, naho yatawe mu rwobo rw’intambwe, asohoka ari muzima vy’ukuri, kuko ukwizera kunesha imana.

Refrain

Nawe mwene Data, n’utahure yuko Ukwizera, ar’ukumenya rwose ivyizigirwa, udakekeranya, n’ibitabonwa nikwo kubitumenyesha, kuko kutubwira, kw’ar’ivy’ukuri.

Couplet 5

None mvuge ikindi ki ku kwizera, kuko n’ababaye abahizi bose, babishobojwe n’ukwizera Imana, bene Data nimuze twizere, tuzobane n’Umwami ibihe vyose.