Indirimbo Zikundwa Open in the app

#296

Turi ku rugamba rwanyuma

Umuco

Couplet 1

Turi ku rugamba rwa nyuma, n’Ijambo ry’Imana, riduhanura yuko, twokwizera Uwanesheje ./.Niho natwe tuzoshobora kunesha./.

Refrain

Aho niho har’Agakiza k’Imana, n’ukwambar’ ibirwanishwa vyose, mu gusengera muri Mpwemu, no mu kwitwaza inkota ya Mpwemu, ari ryo Jambo ry’Uhoraho.

Couplet 2

Kw’Ijambo ry’Imana, rivuga riti ic’umuntu abiba, nico azokwimbura, none natwe ni tubibe muri Mpwemu ./.Tuze twimbure Ubugingo budashira./.

Refrain

Aho niho har’Agakiza k’Imana, n’ukwambar’ ibirwanishwa vyose, mu gusengera muri Mpwemu, no mu kwitwaza inkota ya Mpwemu, ari ryo Jambo ry’Uhoraho.

Couplet 3

Ntituzoshobozwa n’inkomezi zacu, kiretse ni twizera Umwami Yesu, niho tuzorongorwa, na Mpwemu Yera ./.Tukagendera no mu muco w’Ijambo./.

Refrain

Aho niho har’Agakiza k’Imana, n’ukwambar’ ibirwanishwa vyose, mu gusengera muri Mpwemu, no mu kwitwaza inkota ya Mpwemu, ari ryo Jambo ry’Uhoraho.

Couplet 4

Ijambo ry’Imana, ni ryo rizoduha kugira ingeso nziza, hamwe n’ubwenge, ukwirinda n’ukwihangana navyo ./.Bituj’imbere mu rugendo rwacu./.

Refrain

Aho niho har’Agakiza k’Imana, n’ukwambar’ ibirwanishwa vyose, mu gusengera muri Mpwemu, no mu kwitwaza inkota ya Mpwemu, ari ryo Jambo ry’Uhoraho.

Couplet 5

Ni twubaha ijambo ry’Imana vy’ukuri, kandi tugakunda na bene Data, niho tuzogira intsinzi muri vyose ./.N’Imana izoshimagizwa muri twe./.