Indirimbo Zikundwa Open in the app

#295

Ninjiye ahera cane

Umuco

Couplet 1

Ninjiye ahera cane, muri Yesu Kristo, ndahasanga itunga ry’uburyo bwose, none ubu ndaririmba mpimbaza Imana Data yangiriye ubuntu ikahanshikana.

Refrain

./.Har’urukundo n’ukwizera, ivyizigiro n’amahoro, umunezero n’ukwihangana, har’ukuruhuka… guhimbar’Imana…Ha…leluya!./.

Couplet 2

Igihe ntari bwagerere ahera cane, naronder’ukuntu nohimbara Imana, nawo umutima wanje waja hirya no hino, nshitse ahera cane nca ndaruhuka.

Refrain

./.Har’urukundo n’ukwizera, ivyizigiro n’amahoro, umunezero n’ukwihangana, har’ukuruhuka… guhimbar’Imana…Ha…leluya!./.

Couplet 3

Naraganya nkarira, maze nkicurikira, sinarinzi amahoro n’umunezero, ntakambiye Uhoraho Umwami Yesu Kristo, ambera inyishu y’ibibazo vyose.

Refrain

./.Har’urukundo n’ukwizera, ivyizigiro n’amahoro, umunezero n’ukwihangana, har’ukuruhuka… guhimbar’Imana…Ha…leluya!./.

Couplet 4

None ubu ndaririmba, nshimira Umwami Yesu, yuzuye ubuntu urukundo, n’imbabazi ncuti, nawe mwegere, umusabe wizeye, akwinjize ahera cane, har’intsinzi.

Refrain

./.Har’urukundo n’ukwizera, ivyizigiro n’amahoro, umunezero n’ukwihangana, har’ukuruhuka… guhimbar’Imana…Ha…leluya!./.