#294
Imana twizeye
Umuco
Couplet 1
Imana twizeye, n’Imana y’ukuri yaduhamagaye, niyo kwizigirwa, kuko ikivyerekana n’urukundo rwayo, hamwe na ya nkingi y’umuriro, yarongor’ishengero, mu nzira y’ukuri.
Refrain
Imana yacu n’Ihimbazwe cane, Umwami Yesu n’Ahabw’ Icubahiro, kuko Yadukunze tutabizi, Akatwigura ngo turonke Agakiza.
Couplet 2
Yatoranije ihanga, ry’Abisirayeli, aho hari kubw’ubuntu gusa ihagurutsa Mose w’umunyantege nke, naho hari kubw’ubushobozi bwayo, nimurabe namwe, urukundo rw’Imana.
Refrain
Imana yacu n’Ihimbazwe cane, Umwami Yesu n’Ahabw’ Icubahiro, kuko Yadukunze tutabizi, Akatwigura ngo turonke Agakiza.
Couplet 3
Yatoranije Umugeni mu mahanga, aho hari kubw’umusaraba, asemerera n’ijwi rirenga ati: vyose birarangiye, vy’ukuri niho n’ubugingo bwacu, bwacungurwa.
Refrain
Imana yacu n’Ihimbazwe cane, Umwami Yesu n’Ahabw’ Icubahiro, kuko Yadukunze tutabizi, Akatwigura ngo turonke Agakiza.
Couplet 4
Inkingi y’umuriro, niyo yar’imbere y’Abisirayeli, mu bugaragwa, ninayo n’ubu irongor’ishengero, turya manu nsha tukagir’ubugingo, kuko Umwami wacu, Yesu ari muzima.
Refrain
Imana yacu n’Ihimbazwe cane, Umwami Yesu n’Ahabw’ Icubahiro, kuko Yadukunze tutabizi, Akatwigura ngo turonke Agakiza.
Couplet 5
Imana yacu n’ishimwe cane, kuko yaduhaye n’abakozi bayo, ntibasiba kuduhanura muri vyose, bakadutoz’indero vy’ukuri, nico gituma dushimiy’Imana.