Indirimbo Zikundwa Open in the app

#293

Waducishije mu nzira

Umuco

Couplet 1

Waducishije mu nzira igoye, kuko ntawundi yari bwayicemwo, ariko wewe waraciyemwo, nanje nzoyicamwo nezerewe.

Refrain

Kuko ivyo navyo biva ku Mana, Umujanama w’Igitangaza, Uhambaye mu Bwenge, Uhoraho nyen’Ingabo.

Couplet 2

Iyo nzira ndende cane, kandi yuzuyemwo Sikoropiyo, amajwi yazo ni menshi cane, ariko ntaco warayanesheje.

Refrain

Kuko ivyo navyo biva ku Mana, Umujanama w’Igitangaza, Uhambaye mu Bwenge, Uhoraho nyen’Ingabo.

Couplet 3

Ivyo bintu biragoye cane, kuko sivy’inyama n’amaraso, ariko jewe narabimenye, kuko wamaze kubimpishurira.

Refrain

Kuko ivyo navyo biva ku Mana, Umujanama w’Igitangaza, Uhambaye mu Bwenge, Uhoraho nyen’Ingabo.

Couplet 4

None nawe mwana w’Imana, wiyubare ntuhendwe nayo majwi, kukw’ijwi nyaryo rir I Gologota, hamwe hashinze umusaraba.

Refrain

Kuko ivyo navyo biva ku Mana, Umujanama w’Igitangaza, Uhambaye mu Bwenge, Uhoraho nyen’Ingabo.

Couplet 5

Har’umusozi wateguwe, kuzoba uburuhukiro bwacu, ba Daniyeli barawumenye, abahizi bose barawuzi.

Refrain

Kuko ivyo navyo biva ku Mana, Umujanama w’Igitangaza, Uhambaye mu Bwenge, Uhoraho nyen’Ingabo.

Couplet 6

Uwo musozi ni mwiza cane, izina ryawo ni Yerusalemu, Umwami wawo ni Yesu Kristo, ni we aganza amahanga yose.