#286
Nama ntangazwa
Umuco
Couplet 1
Nama ntangazwa n’Urukundo, Imana Data Yankunze; mbeg’ Ubuntu butangaje, bwabonekeye muri Kristo.
Refrain
Nshim’Imana kubwa Yesu, We Yikoreye ivyaha vyanje, ku bwanje Yaciriyekw’ iteka ./.Nzomuhimbaza ibihe vyose./.
Couplet 2
Navutse mpfuye muri jewe, nkura nd’umuja w’icaha; ariko none, Yarampariye, Aranzura Angira muzima.
Refrain
Nshim’Imana kubwa Yesu, We Yikoreye ivyaha vyanje, ku bwanje Yaciriyekw’ iteka ./.Nzomuhimbaza ibihe vyose./.
Couplet 3
Yanyerets’Inzir’ija mu Bwami, Inzira nziza ija mw’Ijuru; niyo ntumberey’ iminsi yose, ni We Anshoboza kuyicamwo.
Refrain
Nshim’Imana kubwa Yesu, We Yikoreye ivyaha vyanje, ku bwanje Yaciriyekw’ iteka ./.Nzomuhimbaza ibihe vyose./.
Couplet 4
Kubw’Intumwa n’Abahanuzi, kubw’ Ubushobozi bw’Ijambo; ntagishobora kunzimiza, ngendera mw’Izina ry’Imana.