#285
Igihe kirashitse
Umuco
Couplet 1
Igihe kirashitse, Nyen’indimo Yimbure, Uburo mu kigega, urwamfu ruturirwe ./.Urwamfu n’Uburo, vyabanye kuva kera; igihe kirashitse, bigira bitandukane./.
Couplet 2
Ivyo twigishijwe, maze tukavyizera, igihe kirashitse, tubibone n’amaso ./.Abatizera bose, n’abank’ Imana bose; igihe kirashitse ntibazotubon’ ukundi./.
Couplet 3
Abahizi mu kwizera basinziriye mu Mwami, igihe kirashitse tubabone n’amaso ./.N’umwami wacu Yesu, tumuzi mu kwizera; igihe kirashitse aho tuzomubona./.
Couplet 4
Ivyaremwe vyose vyama biraniha, vyifuza uwo munsi wo gucungurwa kwacu ./.N’imitima yacu, nayo iraniha, yifuza uwo munsi, w’ukuza kw’Umwami./.
Couplet 5
Kaze Mwami Yesu turagukumbuye imitima yacu irakunyotewe ./.Uzoza ryari ga Mwami Yesu, Uzoza ryari kutujan’i Muhira./.