#253
Nirate iki, ndirimbe iki?
Umuco
Couplet 1
Nirate iki, ndirimbe iki nahawe iki, wahawe iki, nahawe intsinzi ku musaraba, aho yavuga ati: birarangiye.
Refrain
Uwo ni we Jambo w’Imana, uwo niwe Rutare nubatseko, kuko ari we twahuye ndemerewe, kuko ari we twahuye mboshwe ./.Uwo niwe Mana yanje./.
Couplet 2
Urukundo, amahoro narabihawe umunsi twahura akankiza n’urupfu akavuga ati: ingo unkurikire.
Refrain
Uwo ni we Jambo w’Imana, uwo niwe Rutare nubatseko, kuko ari we twahuye ndemerewe, kuko ari we twahuye mboshwe ./.Uwo niwe Mana yanje./.
Couplet 3
Numva umutima uririmba kuko yansezeraniye isezerano nk’iry’Aburahamu Sekuruza w’abizera bose.
Refrain
Uwo ni we Jambo w’Imana, uwo niwe Rutare nubatseko, kuko ari we twahuye ndemerewe, kuko ari we twahuye mboshwe ./.Uwo niwe Mana yanje./.
Couplet 4
Ndakanura nkamubona ntega amatwi abahanuzi numva ijambo, nkabona igikorwa kiramboha, kikampa ubugingo.
Refrain
Uwo ni we Jambo w’Imana, uwo niwe Rutare nubatseko, kuko ari we twahuye ndemerewe, kuko ari we twahuye mboshwe ./.Uwo niwe Mana yanje./.
Couplet 5
Nkurikira inkingi y’umuriro niwo muco mu rugendo, mu bingora, akamurikira nirwo rufatiro nahawe na Yesu.