#254
Uyu mwanya n’uwo kurondera
Umuco
Couplet 1
Uyu mwanya n’uwo kurondera Umwami, hazoger’ igihe batazomubona, bazomurondera ntibazomubona, bazomurondera barira.
Refrain
Isengero zimwe zizoba zugaye, bazomurondera cane rwose, bazomurondera ntibazomubona, bazomurondera barira.
Couplet 2
Abazoba barakiriye Ijambo, bazokwumv’ inzamba zivuze hose, bazoca bamusanganira mu bicu, badugane nawe mw’Ijuru.
Refrain
Isengero zimwe zizoba zugaye, bazomurondera cane rwose, bazomurondera ntibazomubona, bazomurondera barira.
Couplet 3
Ntituz’umunsi canke haba n’isaha, Umukiza Yesu Azozira mw’ isi, ico tuzi n’uko Yesu Azogaruka, ni twisuzume mu mitima.
Refrain
Isengero zimwe zizoba zugaye, bazomurondera cane rwose, bazomurondera ntibazomubona, bazomurondera barira.
Couplet 4
Hazoca haz’ amarushwa ateye ubwoba, kukw’ amahoro azoba akuwe kw’isi, niho benshi bazorira baboroge bati: Mwami twugururire.
Refrain
Isengero zimwe zizoba zugaye, bazomurondera cane rwose, bazomurondera ntibazomubona, bazomurondera barira.
Couplet 5
Haracar’ ubuntu mu gihe turimwo ntiwikomantaz’ umutima wawe Umwami Yesu aracafis’imbabazi mwegere ac’aguharira.