Indirimbo Zikundwa Open in the app

#252

Ririmba mugeni wakunzwe

Umuco

Couplet 1

Ririmba Mugeni wakunzwe ugir’uj’ ahabona, Umukwe wanse guhemukira ng’uyo Araje; ivy’ ucamwo n’ivy’ ubona ntibikaguc’ intege, raba kw’isaha usanga igihe kigeze kure.

Refrain

Haleluya Mana yanje n’Ushimwe, watoy’ Umugeni mu mahanga nshima ko ndimwo, Haleluya Mana nzogutazira, nkiri mur’ ino si nzoririmba Urukundo rwawe.

Couplet 2

Es’ukuntu Yerusalemu waka nk’izuba, kubw’ Amasezerano dufise tuzowubamwo; es’ukuntu Yesu wamaze kwambika Umugeni, urahiriwe we watorewe gutah’ ubwo Bukwe.

Refrain

Haleluya Mana yanje n’Ushimwe, watoy’ Umugeni mu mahanga nshima ko ndimwo, Haleluya Mana nzogutazira, nkiri mur’ ino si nzoririmba Urukundo rwawe.

Couplet 3

Agakiza kawe kari hafi ewe Mugeni, imibabar’ ubabarizwa mw’ iy’isi igira ishire; Yesu Shimwa we watoye Umugeni mu mahanga, ndizeye yukw’ Ishengero ryawe riri mu gutaha.

Refrain

Haleluya Mana yanje n’Ushimwe, watoy’ Umugeni mu mahanga nshima ko ndimwo, Haleluya Mana nzogutazira, nkiri mur’ ino si nzoririmba Urukundo rwawe.

Couplet 4

Ikizobemeza yuko mwatorewe ubwo Bukwe, muzogiriranir’ Urukundo abantu batangare; nsabiye Ishengero ryose kugira urwo rukundo, teg’ utwi iryo sengesho Yesu rigushikire.