Indirimbo Zikundwa Open in the app

#242

Haguruka turwane urugamba

Umuco

Couplet 1

Haguruka turwane Urugamba rwaratanguye, kand’ abo turwana s’ab’ inyama n’amaraso, dufis’ Umugabisha, ahagaze ku ruhande rwacu, nawe n’Umwami Yesu Azodutsindira.

Refrain

Kandi Umwami Yesu arazi kurwan’ Intambara; n’ingabo za Farao, Yarazisutse mu kiyaga, n’ingabo za Satani turazi yukw’ Azozihonya ./.Ni zaza kuturwanya Azodutsindira./.

Couplet 2

N’uk’ubu turi hafi, yo kujabuka ca kiyaga, kimwe gisuka benshi mu bibanezereza; igihe gisa n’iki c’ukw’ ab’Imana batoranywa, kandi n’aba Satani nabo nuko nyene.

Refrain

Kandi Umwami Yesu arazi kurwan’ Intambara; n’ingabo za Farao, Yarazisutse mu kiyaga, n’ingabo za Satani turazi yukw’ Azozihonya ./.Ni zaza kuturwanya Azodutsindira./.

Couplet 3

Yesu ni We Yavuze, at’isi yaranyanse, namwe ni yabakunda, izob’ ikunze icayo; kand’ agahamo kenshi, karabaye ku Ntumwa, muze dusabe Yesu, Azodutsindira.

Refrain

Kandi Umwami Yesu arazi kurwan’ Intambara; n’ingabo za Farao, Yarazisutse mu kiyaga, n’ingabo za Satani turazi yukw’ Azozihonya ./.Ni zaza kuturwanya Azodutsindira./.