Indirimbo Zikundwa Open in the app

#243

Imisi yerekana ukugaruka kwawe

Umuco

Couplet 1

Imisi yerekana, ukugaruka kwawe Mwami, yarashitse Yose Mwami, mpa kugira ngo singoheke.

Refrain

Ijambo niryo rivuga yuko ivyo twiteze vyose vyaramaze guseruka twihangane bizodushikako vyose.

Couplet 2

Tuzobonana n’Abera bose bizeye nk’uko twizeye tuzoganira ivy’intambara twahuye nazo mur’iy’isi.

Refrain

Ijambo niryo rivuga yuko ivyo twiteze vyose vyaramaze guseruka twihangane bizodushikako vyose.

Couplet 3

Nowa azotubarira ingen’Imana yamubwiye kubak’ubwato ngo arokoke nawe ntivyamworoheye.

Refrain

Ijambo niryo rivuga yuko ivyo twiteze vyose vyaramaze guseruka twihangane bizodushikako vyose.

Couplet 4

Tuzobonana na Eliya na we bizomushimisha kubonana nabo mu gihe ciwe ngo babane iteka ryose.

Refrain

Ijambo niryo rivuga yuko ivyo twiteze vyose vyaramaze guseruka twihangane bizodushikako vyose.

Couplet 5

Azotwerek’Umwami Yesu ati: rab’abo mu gihe canje azoshimir’Umwami Yesu ko yashoboye kutuzigama.

Refrain

Ijambo niryo rivuga yuko ivyo twiteze vyose vyaramaze guseruka twihangane bizodushikako vyose.

Couplet 6

Tuzobonana n’Abera bose tutagitandukana iteka mbes’ubuntu butangaje kubana n’Umwami iteka ryose.

Refrain

Ijambo niryo rivuga yuko ivyo twiteze vyose vyaramaze guseruka twihangane bizodushikako vyose.

Couplet 7

Twitange mu mitima yacu kukw’ivyiza tubikiwe birengeye uko tubibwirwa tuzobibona ni twashika mw’ijuru.