Indirimbo Zikundwa Open in the app

#241

Vuba kandi vuba cane, ivyo twizeye

Umuco

Couplet 1

Vuba kandi vuba cane ivyo twizeye bitaboneka bigiye kuboneka vuba kandi vuba cane ijuru rizoshingir’ intahe abana b’Imana.

Refrain

Vuba kandi vuba cane nyen’umurima agiye kwimbura vuba kandi vuba cane urwamfu n’uburo bizotandukana ./.Vuba kandi vuba cane ishengero rigiye gutaha vuba kandi vuba cane uwizey’ukuri n’uwizey’ikinyoma bagiye kugaragara./.

Couplet 2

Imana isezeranir’ Aburahamu yukw’uruvyaro rwiwe ruzogwira ntivyumvikana ariko igihe carashitse Imana irasohoz’ivyo yasezeraniye.

Refrain

Abahanuzi bahanura bati: inkumi izosama inda isi ntiyavyizera ariko vyose vyarashitse./.Nawe shengero ufise isezerano ritaboneka humura ureme cane kuko vuba kandi vuba cane rigiye kugaragara./.

Couplet 3

Abahanuzi bahanura bati: Umuco w’akagoroba uzokwaka ntivyumvikan’ ariko noneho raba umuco waratse uratumurikira.

Refrain

Yesu abwir’abigishwa biwe ati: mukabon’umusokoni n’ibindi biti bitoshe menye ko ugucungurwa kwegereje ./.None rab’Isirayeli yaradugij’ibendera ryayo ivyo vyose n’ibitwereka ko vuba kandi vuba cane tugiye kubon’Umwami./.