#236
Uhoraho Mwami ndagusavye
Umuco
Couplet 1
Uhoraho Mwami ndagusavye, Umfate ukuboko mu Rugendo, kuko ico Wampamagariye, atar’ ukuzoguma mur’iy’isi.
Refrain
./.Ungirire Ubuntu Mwami Yesu./. ./.Kugira ngo nonosore ico ntegerezwa gukora./.
Couplet 2
Ijambo ryawe riravuga, yuko harih’ ibikorwa vyiza; Abera bawe bazokora, bamaze guhamagarwa.
Refrain
./.Ungirire Ubuntu Mwami Yesu./. ./.Kugira ngo nonosore ico ntegerezwa gukora./.
Couplet 3
Raba ivyo Wasezeranye, vyinshi ni vyamaze gushika; ibindi navyo mur’iki gihe, bishika imbere y’amaso yanje.
Refrain
./.Ungirire Ubuntu Mwami Yesu./. ./.Kugira ngo nonosore ico ntegerezwa gukora./.
Couplet 4
Mu bihe vyose vyabayeho, iki n’igihe gitangaje, ivy’abahanuzi batabonye, vyose bishika mur’iki gihe.
Refrain
./.Ungirire Ubuntu Mwami Yesu./. ./.Kugira ngo nonosore ico ntegerezwa gukora./.
Couplet 5
Nitegereje ibishika vyose, mbona k’Uri hafi kugaruka, nico gituma ndagusaba, ng’Unshoboze kuguhimbara.
Refrain
./.Ungirire Ubuntu Mwami Yesu./. ./.Kugira ngo nonosore ico ntegerezwa gukora./.
Couplet 6
Niwabona ntagishoboye, kwera imbuto ziguhimbara, Uz’ukubit’ umutima wanje, Unsubiz’ Uguhishurirwa.
Refrain
./.Ungirire Ubuntu Mwami Yesu./. ./.Kugira ngo nonosore ico ntegerezwa gukora./.
Couplet 7
Niwabona yuko Ijambo ryawe, ryahindutse ubumenyi muri je, Uz’ukubit’ umutima wanje, Unsubiz’ Uguhishurirwa.
Refrain
./.Ungirire Ubuntu Mwami Yesu./. ./.Kugira ngo nonosore ico ntegerezwa gukora./.
Couplet 8
Hezagira Ishengero ryawe iryo waguz’ Amaraso, Uduhe kwubaka ku Rutare nk’uko wagiriye Petero.