#237
Igihe ni cashika
Umuco
Couplet 1
Igihe nicashika, turangij’ Urugendo, tuzoca tuzamurwa, dusanganir’ Umwami mu bicu.
Refrain
Bene Data basinziriye bazoca bazuka; natw’ abazoba bakiriho, tuzohindurwa mu kanya gato ./.Twambikw’ Umubiri musha dusanganir’ Umwami mu bicu./.
Couplet 2
Ico gihe ndakiraba nkabona cegereje; kuko ibimenyetso, vyinshi vyamaze guseruka.
Refrain
Bene Data basinziriye bazoca bazuka; natw’ abazoba bakiriho, tuzohindurwa mu kanya gato ./.Twambikw’ Umubiri musha dusanganir’ Umwami mu bicu./.
Couplet 3
Ico gihe nicashika, intambara n’amarira; indwara hamwe n’urupfu, vyose bizoba birangiye.
Refrain
Bene Data basinziriye bazoca bazuka; natw’ abazoba bakiriho, tuzohindurwa mu kanya gato ./.Twambikw’ Umubiri musha dusanganir’ Umwami mu bicu./.
Couplet 4
Ni twashika mw’Ijuru, tuzobonana na Yesu; amaso mu yandi, tuzosa nawe dutash’ Ubukwe.
Refrain
Tuzosangira na Yesu, ku Meza yiwe mw’Ijuru, amosozi yo mur’ iy’isi, Azoyaduhanagura ./.Umwami wacu Yesu, Azotubera nk’izuba ryaka./.
Couplet 5
Abazotah’ubwo Bukwe, mbega bobo ni bande? N’ab’ Imana Yamenye, isi n’ijuru bitarabaho.
Refrain
Eh’Umwami Yesu Araje, Aje gutwar’Ishengero, hahiriwe abari maso, bamesuye imvune zabo ./.Abo nibo Mugeni, w’Umwagazi w’Intama w’Imana./.