#234
Ewe bihe vyiza
Umuco
Couplet 1
Ewe bihe vyiz’Imana yategur’iy’abayo kugira ngo bagende bamurikirwa n’umuco ari ryo Jambo ryahishuwe ryo mur’iki gihe ubura bw’Imana bugenda buronka ./.Kukw’ar’ukuri kuzotuma basanganir’ Umukiza./.
Refrain
Umunsi mukuru uhambaye uraje inkumi z’ibijuju zo zizorira cane nay’inkumi z’ubwenge zizoririmba kuko zigiye gusanganir’ Umwami mu bicu uko niko kuzuka kwa mbere Mwene Data ambara nawe ukuri kuzima uzoshobore kuzoba mur’uko kuzuka.
Couplet 2
Iki gihe turimwo benshi baracifuje abahanuzi barahanura bashim’Imana abahizi bigatuma bashikama m’ukwizera Abera nabo barakibona bakagihahamira ./.Kuko ar’igihe c’ubuntu n’agakiza./.
Refrain
Umunsi mukuru uhambaye uraje inkumi z’ibijuju zo zizorira cane nay’inkumi z’ubwenge zizoririmba kuko zigiye gusanganir’ Umwami mu bicu uko niko kuzuka kwa mbere Mwene Data ambara nawe ukuri kuzima uzoshobore kuzoba mur’uko kuzuka.
Couplet 3
Ewe hanga ry’ Imana isumba vyose, k’Umwami yakuvukiye mbega wewe warubizi, akabambwa ku Musaraba mbega warabimenye, non’ubu na ho har’igikorwa arikw’arakora ./.Ni waba ukibona, ncuti n’ushime Imana./.
Refrain
Umunsi mukuru uhambaye uraje inkumi z’ibijuju zo zizorira cane nay’inkumi z’ubwenge zizoririmba kuko zigiye gusanganir’ Umwami mu bicu uko niko kuzuka kwa mbere Mwene Data ambara nawe ukuri kuzima uzoshobore kuzoba mur’uko kuzuka.
Couplet 4
Mbona rero iminsi igenda yihuta cane Abera bagenda bambikwa impuzu z’ubukwe kandi bagenda badomwako ikimenyetso ari co ca Mpwemu Yera Mpwemu Yera w’Imana ./.Kukw’ata gihe gisigaye, Umwami Yesu akaza./.