#233
Turi mu gihe ca nyuma c’ubuntu
Umuco
Couplet 1
Turi mu gihe ca nyuma c’ubuntu, kuko ubutumwa bwiza twumva vy’ukuri s’ubwo kutugira irindi shengero canke ngo butuzanire izindi nyigisho ./.Ariko n’ubutugarura kw’ijambo ry’Uhoraho (Imana)./.
Refrain
Ni co gituma Yasezeranye ati ehe ngiye gukora igikorwa kitar’ic’umubiri naho bazokibasigurira, ntibazogitahura kiretse abafise amaso n’amatwi bashobora kubona, no gutahura ivy’Imana ./.Yari Yaravugiye mu kanwa k’Abahanuzi (bayo)./.
Couplet 2
Isezerano Umwami yasezeranye nta gihe gisigaye ngo riseruke kuko wa mugore mbona akuriwe wa mwana w’umuhungu ari hafi kuvuka ./.Kandi niyavuka azoca azamurwa mw’ijuru./.
Refrain
Ni co gituma Yasezeranye ati ehe ngiye gukora igikorwa kitar’ic’umubiri naho bazokibasigurira, ntibazogitahura kiretse abafise amaso n’amatwi bashobora kubona, no gutahura ivy’Imana ./.Yari Yaravugiye mu kanwa k’Abahanuzi (bayo)./.
Couplet 3
Ntitukiri muri vya bihe vya kera ariko turi mu gihe c’Iman Ihoraho ijwi riranguruye riri mu gusemerera akamo n’inzamba y’Imana igiye kuvuga ./.Kuko Umwami wacu(Yesu) agiye kugaruka./.
Refrain
Ni co gituma Yasezeranye ati ehe ngiye gukora igikorwa kitar’ic’umubiri naho bazokibasigurira, ntibazogitahura kiretse abafise amaso n’amatwi bashobora kubona, no gutahura ivy’Imana ./.Yari Yaravugiye mu kanwa k’Abahanuzi (bayo)./.
Couplet 4
Mbega ncuti nawe uzoba urimwo kuko abadafise Mpwemu w’Imana batazoshobora na gato kuzamurwa iki n’igihe ciza co kwitunganya ./.kugira ngo uzoshobore gusanganira Umukiza./.