Indirimbo Zikundwa Open in the app

#222

Ndaririmba intsinzi

Umuco

Couplet 1

Ndaririmba Intsinzi Intsinzi y’Uhoraho, Intsinzi ndirimba s’iyo nabwiwe n’abantu n’iyo, n’iyo niboneye.

Refrain

Nari narumvishije ivyaw’ ugutwi ariko noneh’ ijisho (ryanje) rirakwiboneye ./.(Niyo, niyo niboneye)./.

Couplet 2

Ndaririmb’Intsinzi Intsinzi y’Umwami yabonekey’i Gologota Umwami ati : vyose birarangiye niyo, niyo niboneye.

Refrain

Nari narumvishije ivyaw’ ugutwi ariko noneh’ ijisho (ryanje) rirakwiboneye ./.(Niyo, niyo niboneye)./.

Couplet 3

Ndaririmb’Intsinzi, Intsinzi y’Imana n’Intsinzi y’ukuri Satani yatsinzwe n’Ijambo niyo, niyo niboneye.

Refrain

Nari narumvishije ivyaw’ ugutwi ariko noneh’ ijisho (ryanje) rirakwiboneye ./.(Niyo, niyo niboneye)./.

Couplet 4

Ndaririmb’Intsinzi Intsinzi y’Ijambo Abera baranesheje n’Intsinzi, n’Intsinzi ikomeye niyo, niyo niboneye.

Refrain

Nari narumvishije ivyaw’ ugutwi ariko noneh’ ijisho (ryanje) rirakwiboneye ./.(Niyo, niyo niboneye)./.

Couplet 5

Ndaririmb’intsinzi intsinzi y’Abera baneshej’ ibinyoma n’intsinzi, n’intsinzi itazoshira niyo niyo niboneye.