Indirimbo Zikundwa Open in the app

#223

Ni kuki ishengero rica mw’isi

Umuco

Couplet 1

Ni kuki ishengero rica mw’isi mu mahanga menshi kandi rikahateba? ./.Ni kuki intambwe ziba nyinshi benshi bakananirwa./.

Refrain

N’uko ntawuzoshika, atarwany’urugamba n’uko ntawuzoshika atanesheje urugamba.

Couplet 2

Ni kuk’Isirayeli yidodomba ivyokurya n’amazi bibuze./.Ntibizeye Imana namba bagenza Mose gusa./.

Refrain

N’uko ntawuzoshika, atarwany’urugamba n’uko ntawuzoshika atanesheje urugamba.

Couplet 3

Vyose vyari mu Mana nzima babirondera nabi kuko batizera ./.Imana ikabibaha kand’ikabahana kuko batabona./.

Refrain

N’uko ntawuzoshika, atarwany’urugamba n’uko ntawuzoshika atanesheje urugamba.

Couplet 4

Natwe ntitwidoge turizwa n’ivyokurya canke n’ivyo tutumva kuko bikomeye ./.Turindire ni twameneka tuzovyumva dushikiriy’ ukwezwa./.

Refrain

N’uko ntawuzoshika, atarwany’urugamba n’uko ntawuzoshika atanesheje urugamba.

Couplet 5

Iyo niyo nzira ishengero ricamwo n’inzira itumvikana m’ubwenge ./.Igoye gutahura mugabo ishikana mw’ijuru ku Mana./.

Refrain

N’uko ntawuzoshika, atarwany’urugamba n’uko ntawuzoshika atanesheje urugamba.

Couplet 6

Ni twuzure Mpwemu Yera tuzogendana n’Imana yacu ./.Tuzovyumva vyos’uko biri ntituzotsitara namba./.

Refrain

N’uko ntawuzoshika, atarwany’urugamba n’uko ntawuzoshika atanesheje urugamba.