Indirimbo Zikundwa Open in the app

#221

Inzir’ija mu bwami

Umuco

Couplet 1

Inzir’ija mu Bwami, mugenzi niy’abana b’Imana Ihoraho, abo nabo bama bitez’imisi yose kurongorwa nivy’Imana ishima, bakagenda bicishije bugufi.

Refrain

Ndashim’Imana mu bugingo bwanje, kubw’igikorwa cayo co gucungura, ico yatanguye kuva kera cane, ikoreshej’abana bayo b’abahizi ./.Bama basemerera ibihe vyose bati: Uku nik’Uhoroho agize ab’Imana bakumvira n’imitima yabo bose./.

Couplet 2

Imana ihamagara Aburahamu, av’iwabo atangur’urugendo, nah’atar’azi iy’aja vy’ukuri mu kwizera yashitse mu gihugu c’amasezerano y’Uhoraho.

Refrain

Ndashim’Imana mu bugingo bwanje, kubw’igikorwa cayo co gucungura, ico yatanguye kuva kera cane, ikoreshej’abana bayo b’abahizi ./.Bama basemerera ibihe vyose bati: Uku nik’Uhoroho agize ab’Imana bakumvira n’imitima yabo bose./.

Couplet 3

Eliya nawe m’ubugingo bwiwe, yabay’umuhizi mu kwizera, kubw’ukwumvir’Imana mwene Data yaremanze k’uruhande rw’uhoraho, yiyerekanye abiwe barizera.

Refrain

Ndashim’Imana mu bugingo bwanje, kubw’igikorwa cayo co gucungura, ico yatanguye kuva kera cane, ikoreshej’abana bayo b’abahizi ./.Bama basemerera ibihe vyose bati: Uku nik’Uhoroho agize ab’Imana bakumvira n’imitima yabo bose./.

Couplet 4

Umwami yaranesheje’ urugamba vyose vyarangiriye ku musaraba, ab’Imana mushikame mu kuri, maze bene Data mushobore kwegukir’amarembo y’abansi banyu.