#220
Ijambo ry’imana twoshobora
Umuco
Couplet 1
Ijambo ry’Imana twoshobora kuryizera gute, tudashobora guhishurirw’ ab’Imana yarirungikanye? ./.Kuko kuva na kera hose Imana yakoresha abana bayo bambay’umubiri./.
Refrain
./.Mana tugirir’ Imbabazi./. kugira ngo ntidushobore ./.Guhush’inzira./.
Couplet 2
Mu gihe ca Nowa wahagurukije umusavyi wawe Nowa kuburira ab’igihe ciwe ivyagira bishike ./.Yamara kubwo kubon’umuntu ntibashoboye gukira ivyago vyagira bishike dushoboze twoye kubon’umuntu./.
Refrain
./.Mana tugirir’ Imbabazi./. kugira ngo ntidushobore ./.Guhush’inzira./.
Couplet 3
Ni nako vyagenze mu bihe vyose vyagiye bibaho ku bahamagawe bose bagiye barongorwa nivy’Imana ishima ./.N’isi ubwayo idashobora kubatahura, uduhe Mana kwama turi maso./.
Refrain
./.Mana tugirir’ Imbabazi./. kugira ngo ntidushobore ./.Guhush’inzira./.
Couplet 4
No mur’iki gihe cacu har’ijambo ritegura Umugeni yamara hakubona ijambo ridushoboza gushikira ugutunganywa kwose ./.Tukabon’ibidakwiye kubonwa tugirire ubuntu Mana./.
Refrain
./.Mana tugirir’ Imbabazi./. kugira ngo ntidushobore ./.Guhush’inzira./.
Couplet 5
Shengero dusangiye ukwizera ijambo ry’Imana ntirikina rifise ububasha bwo gukiza ku baryizera ./.Kandi rifise ubushobozi bwo kwica ku bataryizera dushoboze Mana kwizera kugira ngo tubeho./.
Refrain
./.Mana tugirir’ Imbabazi./. kugira ngo ntidushobore ./.Guhush’inzira./.