#219
Mwami wanje umpumure amaso
Umuco
Couplet 1
Mwami wanje umpumure amaso, mbon’inzira ica k’umusaraba, niy’ishikana mw’ijuru ku Mana, niho tuzorangiriz’ urugendo, turirimbe tugushime.
Refrain
Har’inzira nyinshi cane, zica ku musoz’unyerera, zimanuka zij’ikuzimu, benshi nizo ba camwo.
Couplet 2
Mbeg’iyo nzira imeze gute, yuzuy’umuco mwinshi cane, n’abayicamwo bameze gute, n’abahawe gucika abanab b’Imana, bavutse ubwa kabiri.
Refrain
Har’inzira nyinshi cane, zica ku musoz’unyerera, zimanuka zij’ikuzimu, benshi nizo ba camwo.
Couplet 3
Benshi baseng’Imana ariko inzira, ntibayibona, benshi bakunda Imana arikw’inzira ntibayibona ar’inzira y’ukuri kand’ishikana mu bugingo budashira.
Refrain
Har’inzira nyinshi cane, zica ku musoz’unyerera, zimanuka zij’ikuzimu, benshi nizo ba camwo.
Couplet 4
Wibuk’Isirayeli igeze mu bugaragwa, yari kumwe n’inkingi y’umuriro, yari kumwe na Mose umuhanuzi? Arikw’inzira ntibayibona.
Refrain
Har’inzira nyinshi cane, zica ku musoz’unyerera, zimanuka zij’ikuzimu, benshi nizo ba camwo.
Couplet 5
Batuka Mose inkingi ihari, bagator’amabuye inkigi ihari, bama bidodomba ibihe vyose, amaso yabo ntiyabon’Imana, kand’ariyo yari yarabahamagaye.
Refrain
Har’inzira nyinshi cane, zica ku musoz’unyerera, zimanuka zij’ikuzimu, benshi nizo ba camwo.
Couplet 6
Mwami fash’Ishengero ryawe twugurur’amaso tubone, tubon’inkingi y’umuriro, n’ukunt’irongor’ishengero m’ukuri kwose, dufashe Mwami tukuyoboke.