Indirimbo Zikundwa Open in the app

#218

Shengero ry’imana ihoraho

Umuco

Couplet 1

Shengero ry’Imana Ihoraho, ntimuri ishengero nk’ayandi, ivyo ni mubimenye bagenzi, kuko muri ihanga riri ukwaryo; ihanga ry’Imana isumba vyose.

Refrain

Umve rero ncuti zanje, dusangiy’ukwizera kuzima, nimwihutire kugendera mwese, mw’ijambo ry’Imana ryose, kuko niho hari ubugingo budashira.

Couplet 2

Ijambo ngiryo riravuga, n’uwufise amatwi niyumve, uwufise amaso n’abone, kuko Uhoraho ubwiwe ni we yakenyereye ishengero ryiwe.

Refrain

Umve rero ncuti zanje, dusangiy’ukwizera kuzima, nimwihutire kugendera mwese, mw’ijambo ry’Imana ryose, kuko niho hari ubugingo budashira.

Couplet 3

N’Ubuntu butangaje bene Data, kubona Imana ariy’ikora, mbega n’impamvu yihe haba ivyo, nuko ihanga ar’iry’Imana nzima, yarikunze ritaribwabeho na gato.

Refrain

Umve rero ncuti zanje, dusangiy’ukwizera kuzima, nimwihutire kugendera mwese, mw’ijambo ry’Imana ryose, kuko niho hari ubugingo budashira.

Couplet 4

Itandukanye rero n’akamenyero, mwihutire kwinjira n’ingoga, mw’ihanga ry’ukuri ry’Imana, ritari iribonwa n’amaso y’umubiri, ariko rigendera mu guhishurirwa.