Indirimbo Zikundwa Open in the app

#217

Nari nicecekeye benedata

Umuco

Couplet 1

Nari nicecekeye bene Data, ata nakimwe ninona jewe, ngize ntya nsang’Imana yahagurukije ba Daniyeli basigaye bafis’imigabo y’igikorwa c’Imana.

Refrain

None ni mwumve namwe ihang’Umwami yiguz’amaraso nimuze dusubir’I Yerusalemu tuje kwubak’ingoro y’Uhoraho.

Couplet 2

Birakomeye cane bene Data, kuk’Umwami yarwany’iryo hanga, niwe asigaye arishigikiye, kandi nawe n’uwukomeye, asigaye yumvira ukugomba kw’Imana.

Refrain

None ni mwumve namwe ihang’Umwami yiguz’amaraso nimuze dusubir’I Yerusalemu tuje kwubak’ingoro y’Uhoraho.

Couplet 3

Ndasubiye kubikubwira ncuti, ivyoba vyiza n’uko wokwizera, uvyank’ubikunda ico gikorwa kizokorwa n’abahizi b’Imana, niwizigire rero mufatanye hamwe m’urugendo.

Refrain

None ni mwumve namwe ihang’Umwami yiguz’amaraso nimuze dusubir’I Yerusalemu tuje kwubak’ingoro y’Uhoraho.

Couplet 4

Wiyuhagire rero mugenzi wanje, wiyambure wewe ivy’umenyereye, witandukanye n’ivyo wikundira, kuko igikorwa c’Imana nzima, kenshi sic’abantu bikundira canke biyumvira.

Refrain

None ni mwumve namwe ihang’Umwami yiguz’amaraso nimuze dusubir’I Yerusalemu tuje kwubak’ingoro y’Uhoraho.