#216
Urugendo rw’abana b’imana
Umuco
Couplet 1
Urugendo rw’abana b’Imana, biragoye kurumenya vy’ukuri, iyo ndarwibajije ruransiga, ico nzi gusa kandi nizeye n’uko ab’Imana bari muri rwo.
Refrain
Ntuz’ugire abo wishimira mw’Ijambo, ntuze wiyitirire umuntu n’umwe mw’Ishengero, uz’urondere kubona Imana yonyene mw’ijambo ryayo ./.Ivyo navyo bizoguha guhagarara, kand’uzoshikama mu gakiza./.
Couplet 2
Iyo nzira bagenda bacamwo, nayo nyene iragoye gutahura, kuko n’ubwenge ntibuyitahura, ariko uwuyihishuriwe wese, arayizera kandi akayibandanya.
Refrain
Ntuz’ugire abo wishimira mw’Ijambo, ntuze wiyitirire umuntu n’umwe mw’Ishengero, uz’urondere kubona Imana yonyene mw’ijambo ryayo ./.Ivyo navyo bizoguha guhagarara, kand’uzoshikama mu gakiza./.
Couplet 3
Ncuti zanje ni mumbwire namwe, umunyabwenge arazimira, n’ikijuju naco kikayihusha, ivy’iyo nzira Data, biz’Imana nyen’igikorwa.
Refrain
Ntuz’ugire abo wishimira mw’Ijambo, ntuze wiyitirire umuntu n’umwe mw’Ishengero, uz’urondere kubona Imana yonyene mw’ijambo ryayo ./.Ivyo navyo bizoguha guhagarara, kand’uzoshikama mu gakiza./.
Couplet 4
N’uko bene Data nkunda cane, iyo nzira uzuyibaze Imana gusa, nturabe ivyifuzo vyawe ncuti ariko wiragize Imana yonyene, kuko iri mu guhishurirwa kuzima.