#212
Mburanya kandi untsinde
Umuco
Couplet 1
Mburanya, kandi untsinde; kuk’ urubanza rwatanguriye, mu b’inzu yawe Mana, nkubita kandi unsubire ./.Kukw’ inkoni yawe Mana, ariy’ inyobora Mwami (vy’ukuri)./.
Refrain
Muri Wewe, niho har’ inyishu, muri Wewe, niho hari vyose; muri Wewe nta oya canke ego, muri wewe hari “Amen” ./.Unkubite kand’ unsubireee, kukw’ indagizo, yawe Mwami, ariy’ inyobora./.
Couplet 2
Ndemeye gutsindwa n’Ijambo, kuk’urubanza rwawe rukomeye, mu b’inzu yawe Mana, nkubita kandi unsubire ./.Kukw’inkoni yawe Mana, ariy’inyobora Mwami (vy’ukuri)./.
Refrain
Muri Wewe, niho har’ inyishu, muri Wewe, niho hari vyose; muri Wewe nta oya canke ego, muri wewe hari “Amen” ./.Unkubite kand’ unsubireee, kukw’ indagizo, yawe Mwami, ariy’ inyobora./.
Couplet 3
Mpa kwubah’ Ijambo ryawe, mpa kwubaha mwene Data, mpa kuba mu kibanza canje, unyobore wame unyobora ./.Kukw’ Ijambo ryawe Mana, ari ryo rimurikira./.
Refrain
Muri Wewe, niho har’ inyishu, muri Wewe, niho hari vyose; muri Wewe nta oya canke ego, muri wewe hari “Amen” ./.Unkubite kand’ unsubireee, kukw’ indagizo, yawe Mwami, ariy’ inyobora./.
Couplet 4
Umwe wese, azobazw’ ivyiwe, umwe wese azoburanywa, twemere gutsindwa n’Ijambo, umwe wese yubahe mwene Se ./.Kukw’Ijambo ry’Imana Yera, ari ryo rimurikira./.