Indirimbo Zikundwa Open in the app

#213

Nshoboza Mwami Yesu

Umuco

Couplet 1

Nshoboza Mwami Yesu, guhora nguhimbara; mu kubaho kwanje kuko kuba mw’isi ar’ivy’ igihe gito; ariko kuba mw’Ijuru n’ivy’ ibihe bidashira.

Refrain

Turiko dusozera intambwe yanyuma ./.Dushoboze kugira ngo tuzoshobore gushikira, kuzoba hafi yawe Mwami./.

Couplet 2

Washoboje Daniyeli, kugum’ aguhimbara; mu buzima bwiwe bwose mu Rugendo, yamye akwemangira; none nanje Mwami umfashe nguhimbare.

Refrain

Turiko dusozera intambwe yanyuma ./.Dushoboze kugira ngo tuzoshobore gushikira, kuzoba hafi yawe Mwami./.

Couplet 3

Washoboj’ abana bawe, bose kuguhimbara none nanje Mwami mfasha mur’ iy’isi, nshobore kuguhimbara; kuko kubaho mw’isi, ar’ivy’ igihe gito.

Refrain

Turiko dusozera intambwe yanyuma ./.Dushoboze kugira ngo tuzoshobore gushikira, kuzoba hafi yawe Mwami./.

Couplet 4

Fash’Ishengero ryawe, rishobore kuguhimbara; suka Mpwemu wawe mw’Ishengero ryawe, ryuzur’ Ubwiza bwawe; kugir’ abana bawe bashobore kuguhimbara.

Refrain

Turiko dusozera intambwe yanyuma ./.Dushoboze kugira ngo tuzoshobore gushikira, kuzoba hafi yawe Mwami./.