Indirimbo Zikundwa Open in the app

#211

Sirayeli (2x), nyamusubiranyuma

Umuco

Couplet 1

Sirayeli, Sirayeli nyamusubiranyuma, igihe kigeze he bivuge namba ubibona; na wewe Laodikiya wigiz’ uwahumutse, igihe kigeze he bivuge namba ubibona?

Refrain

Eh’abana b’Ubwami, bariko barinjira, bamaze gushikira bos’ ibibanza vyabo naw’ uja irya n’ino ufatafata vyanka, uzohava ukebuka wamaze kwugaranwa ./.Injira ncuti, injira./.

Couplet 2

Waragiye ku musozi wigir’ umushibamyi, wibwira mu mutima uti ndakomeye sinzogwa; wigir’ uwahumutse kandi naw’ ukir’ impumyi, igihe kigeze he bivuge namba ubibona?

Refrain

Eh’abana b’Ubwami, bariko barinjira, bamaze gushikira bos’ ibibanza vyabo naw’ uja irya n’ino ufatafata vyanka, uzohava ukebuka wamaze kwugaranwa ./.Injira ncuti, injira./.

Couplet 3

Nawewe mwene Dat’uri muri Laodikiya, ukab’atakind’ukora atari ukwishimagiza, wigir’uwahumutse kandi naw’ukir’impumyi, igihe kigeze he bivuge namb’utar’impumyi?

Refrain

Eh’abana b’Ubwami, bariko barinjira, bamaze gushikira bos’ ibibanza vyabo naw’ uja irya n’ino ufatafata vyanka, uzohava ukebuka wamaze kwugaranwa ./.Injira ncuti, injira./.

Couplet 4

Wicar’uvug’insak’ ukibwira kuri mu kuri, wirirw’ urac’ imanza kand’ atawabigushinze, aho kurab’ igih’ ugezemwo wishing’ utaka, igihe kigeze he, mbarira namba ubibona.