Indirimbo Zikundwa Open in the app

#210

Har’inzira nziza

Umuco

Couplet 1

Har’Inzira nziza, ij’ah’uri Mwami; n’Inzira nziza cane, yuzuy’ Ubwiza bw’Umwami ./../.Nzoyicamwo jewe./../.

Refrain

Ikozwe n’amabuye y’igiciro kinini, umugezi wayo n’Umwubatsi wayo ni Yesu Mwami, ni Yesu Mwami, Yayisize zahabu na Maragarita nyinshi itemb’amaraso n’amarira y’Abera ./../.Nzoca mur’iyo nzira, nshikah’uri Mwami./../.

Couplet 2

Ntinyerera na gato, kubw’ Amaraso y’Umwami; ntinyerera na gato kubw’amaraso y’Abera ./../.N’inzira nziza cane./../.

Refrain

Ikozwe n’amabuye y’igiciro kinini, umugezi wayo n’Umwubatsi wayo ni Yesu Mwami, ni Yesu Mwami, Yayisize zahabu na Maragarita nyinshi itemb’amaraso n’amarira y’Abera ./../.Nzoca mur’iyo nzira, nshikah’uri Mwami./../.

Couplet 3

Har’ibimenyetso, biri mur’iyo nzira; n’ivyerekana yuko har’ abayiciyemwo ././.Nd’umwe muri bo Mwami././.

Refrain

Ikozwe n’amabuye y’igiciro kinini, umugezi wayo n’Umwubatsi wayo ni Yesu Mwami, ni Yesu Mwami, Yayisize zahabu na Maragarita nyinshi itemb’amaraso n’amarira y’Abera ./../.Nzoca mur’iyo nzira, nshikah’uri Mwami./../.

Couplet 4

Nshoboza Mwami Yesu, kuko nd’uwawe rwose, mfat’ ukuboko jewe, unyuzuz’ inkomezi ././.Umurikire Mwami././.