Indirimbo Zikundwa Open in the app

#826

Mwami Mana reka je ngushime

Umuco 2

Couplet 1

Mwami Mana reka je ngushime Mwami Yesu kandi nguhimbaze Kuko Mana wangiriy’ubuntu Kandi Yesu ntari ndabikwiriye Ewe Mwami wanj’ushimwe cane Ubu n’ibihe bidashira.

Couplet 2

Mana yanje uko je ndi kwose Unshoboze kwama nguhimbara Mu kwumvir’ijambo ryawe ryose Ndaribemwo maze rindongore Mu nzir’ijana mu bwami bwawe Ubwo wateguriy’abawe.

Couplet 3

Nzoshikayo ni niyanka rwose Nkimatanya n’Umwami yankunze Nkasig’inyum’ivyo mw’isi vyose (wee) Nkab’umwe n’Umwami Yesu Kristo Mu kwitondera ijambo ryose Niho nzobasha kuzamurwa.

Couplet 4

Nawe Mukundwa wanje mu Mwami Urabwirwa kwiyambura vyose Kugira nawe uzomubone (wee) Ah’azob’aje gutor’abiwe Ntuzosange wasigaye ncuti Kandi wari waburiwe kenshi.

Couplet 5

Mwami wanje reka je ngusabe Kandi Mana yanj’unyumvirize Udufashe twe (a) banyantege nke (wee) Kugira Mana twikunkumure Ibitaberey’imbere yawe Tubone kub’abana Jambo.

Couplet 6

Ibikwiriye vyose twarabibwiwe Ntanakimwe tuzokwireguza Ni tutumvir’ijwi ry’Umwungere (wee) Rivugira mw’ishengero ryayo Ridusaba kwama twiteguye Nkuk’Umugeni yiteg’Umukwe.

Couplet 7

S’igihe co kwidibamira mw’isi S’igihe co gukwegana n’ingeso mbi S’igihe co kurab’ivyo mw’isi (oyaa) N’igihe co kub’umwe n’Ijambo Maze tuker’imbuto z’Ijambo Tukerekana hos’Ijambo.