Indirimbo Zikundwa Open in the app

#827

Ndakunda Imana ivy’inkorera

Umuco 2

Couplet 1

Ndakunda Imana ivy’inkorera Yam’imbwira neza ivy’ingombako Ko ninabikor’izobana nanje Igendane nanje muvyo nzocamwo.

Refrain

Nzobon’umugisha w’Imana wose Ntaco nzomuburana habe namba Kuko anyitaho, anyitwararika Jewe nd’umuhirwe ko mfise Yesu.

Couplet 2

Igihe cose nama mbona neza Ukugira neza kw’Imana yanje Nkatangazwa n’ubuntu nagiriwe Nca nsanga natew’iteka rikomeye.

Refrain

Nkaba numv’Ijambo ry’Imana ryiza Iryo abandi batigera bumva Ariko je nkaba nararihawe Ataco natanze kandi ntari mbikwiye.

Couplet 3

Kubw’ivyo Mwami Yesu Mana yanje Nta kindi gisigaye kuri jewe Atar’uko nob’umwe nawe rwose Mu kwimatanya n’Ijambo ryawe ryose.

Refrain

Maze nker’imbuto z’Ijambo ryawe Nkerekana vy’ukuri ko nd’uwawe Mu kwikunkumura ivy’isi vyose Nkahindukiriza amaso i siyoni.

Couplet 4

Eh’Uraje Mwami gutor’abawe Ng’udutahukan’aho wateguye Maze turuhuk’imiruho yose Twibanire naw’ubutagitandukana.

Refrain

Ijambo ryawe rirahadukumbuza Rikatwerek’ivyiza tuzobamwo Bigatuma tuzinukw’ivyo mw’isi Kw’ivyiza vy’ijuru ntaco vyogereranywa.

Couplet 5

Hari ivyiza vyinshi tubikiwe mw’Ijuru Ivyateguriw’abatabarutse Mbega mugenzi wanje naw’urimwo Aho tuzohabwa ivyasezeranywe.

Refrain

Nziboner’ubwiza bw’Imana yanje Uwankunze yemwe ntari ndabikwiye Umwami wanjee Imana yanje Umukunzi wanje niwe Yesu Kristo.