#825
Ewe Mwami Yesu ugira neza
Umuco 2
Couplet 1
Ewe Mwami yesu ugira neza, Wankunze Mana ntari ndakuzi Uraza urambambirwa Mukiza, Unkura mu migozi y’Umwansi Ugaragaz’urukundo rwawe.
Refrain
None Mwami Yesu n’Ushimwe Ugusenga, icubahiro, ni rwawe Yesu. Mvuge nte Mana, Amashimwe, icubahiro, Ni rwawe Yesu.
Couplet 2
Wacumisw’icumu uzira jewe, Urases’amaraso ku bwanje; Ivyaha vyanje naravyogejwe, Mu kwizer’igikorwa wakoze, Ubu nirat’imbabazi zawe.
Refrain
Ubu Mwami Waranesheje, Watsinz’ urupfu hamwe n’icaha, Vyose vyaratsinzwe. Mvuge nte Mana, Amashimwe, icubahiro, Ni rwawe Yesu.
Couplet 3
Ico tugusavye Bwirukiro, Satani yateye mw’ishengero, Itiro ryateye mu Bizera, Kuko tuzi kw’ari kukagoroba, Kandi k’ugiye kugaruka.
Refrain
None Mwami suk’ikanguro, Mu mitima yacu twese, tugutegereze. Mvug’iki Mwami, Amashimwe, icubahiro, Ni rwawe Yesu.
Couplet 4
Abizera twese ico dusabwa, N’ukwitandukanya n’ivyanduye Tukinyegeza mw’ijambo gusa, Twoye kuba abatagond’izosi Umwami wacu azodushoboza.
Refrain
Muze rero tuve mu vya ntaco, Kuyeyemvya ngo nta ngorane, Tubisezere Mvuge nte Mana, Amashimwe, icubahiro, Ni rwawe Yesu.
Couplet 5
Shengero dushim’ Umwami Yesu, Ukuntu yama atwitwararika, Akatugaburira imisi yose, Dushobore kuronk’inkomezi Zizodushoboza gushik’iwe.
Refrain
None Yesu nogushima nte, N’Uduhe Mpwemu, wawe Yera, adushoboze. Mvuge nte Mana, Amashimwe, icubahiro, Ni rwawe Yesu.