Indirimbo Zikundwa Open in the app

#824

Uri mwiza Yesu

Umuco 2

Couplet 1

Uri Mwiza Yesu, uri Mwiza Mana Uri Mwiza Mwami wampaye kukumenya. Warakoze Mana, warakoze Data, Warakoze Mwami wampaye kukwizera.

Refrain

Je nzama ngushima, (U)ko nzoba ndi kwose, Kuko wankunz’artyo, Ntari ndabikwiye(e), Ewe Mwami wanje, ukwiye Guhimbazwa.

Couplet 2

Ndagukunda Mana, ndagukunda Yesu Ndagukunda Mwami niwe wabanje kunkunda. Ndagukunda Data, ndagukunda Kristo, Ndagukunda Wera wangiriye Ubuntu.

Refrain

Je nzama ngushima, (U)ko nzoba ndi kwose, Kuko wankunz’artyo, Ntari ndabikwiye(e), Ewe Mwami wanje, ukwiye Guhimbazwa.

Couplet 3

We mutima wanje, izigir’Umwami Kandi n’umwizere kuko we ntahinduka. (I)vyo yasezeranye vub’arabishitsa, Ivyo navyo nivyo kugutahukan’iwe.

Refrain

N’ube maso cane, Wame witeguye, Azosang’ugavye, nkuko bikwiriye (e), Mugeni wa Yesu, wuzuy’ishimwe ryinshi.

Couplet 4

Ewe Mwene Data, reka ndakubwire N’ube maso nawe tuzomusanganire. Kugira wa musi, mwiza niwashika, Je nze ndakubone kandi nawe zu’umbone.

Refrain

Ntituzoburane, twaburiwe kenshi Bwob’ar’ubuhombe, vyoba bibabaje (e), Ewe Mwami wanje, uzame jew’umfasha.

Couplet 5

Harih’umusi. nzirirwa mur’iy’isi Ariko bakundwa sindayiraramwo Hari n’ubwo yemwe, nzoyiraramwo Ariko na none sindayirirwemwo.

Refrain

Uwo musi mwiza, ndawuhahamiye Ndawipfuza cane, nzoba je nduhutse (e) Aho je nzobona, Umwami Mana yanje.

Couplet 6

Kubw’ivyo bakundwa, ni duharirane Tugir’urukundo rumwe rwa bene Data Nitubabarane, dusangire vyose Bigaragaze ko tur’abigishwa ba Yesu.

Refrain

Niwe yavuz’ati, ikizobaranga N’uko muzogira, rwa rukundo rwanje (e) Ni muze bakundwa dufatan’amaboko.

Couplet 7

Ehe araje vuba, nkuko yabivuze Araje gutora abuzuy’urwo rukundo Niyaza mw’ijoro, canke ku murango Azosange twese twuzuy’ urukundo rwiwe.

Refrain

Nico kimenyetso, Kizobitwereka Yuko hagezeko, dutahuk’iwacu(u), Ruku ndo rw’ijambo, ruzoba runengesereye.