Indirimbo Zikundwa Open in the app

#823

Ewe Mana uri rukundo

Umuco 2

Couplet 1

Ewe Mana uri rukundo, Mana y’imbabazi nyinshi, Ur’Iman’igira neza we Mana y’ubuntu bwinshi, Ni wew’utwitwararika ukanatugir’inama, y’ukungene twoguhimbara.

Refrain

Ni twitonder’Ijambo ryawe, naw’uzoz’ubane natwe, Ntaco tuzokuburana, nitwaguh’imitima yacu, Kuk’uwugufise Yesu, abafise vyose Mwami, {Nta bukene namba kwa Yesu.} x2

Couplet 2

Ibihe biratwereka k’Umwami wac’agarutse, Kuza gutor’umugeni we yamusezeraniye, Kw’agiye gutegur’aho bazobana naw’iteka, Mw’Ijuru mu bwami bw’Imana.

Refrain

Nico gitum’ivyo nkora, nama niyubara cane, Kugira nanj’uyo musi, nzobe mu bazotahuka, Nze mbon’Umukunzi wanje, yankunze jewe ntamuzi, {Akangir’umwana w’Imana.} x2

Couplet 3

Ijambo riratubwira ko hagiye gushik’aho, Tuzobon’ivy’Umukiza wacu Yesu yatubwiye, Aho niho tuzomenya yuko Ijambo ry’Imana, Ritaza ryigera ribesha.

Refrain

Kukw’ivyahanuwe vyose, turabibona bishika, Bikatwereka ko hageze, kugira twikangure, Ni turaramur’amaso, yacu mw’Ijuru ku Mana, {Ahava intsinzi y’abera.} x2

Couplet 4

Ni muze bana b’Imana tube maso mu mitima, Kuko vuba cane rwose tugira dutah’iwacu, Niyo mpamvu ugend’ubon’ububi bwongerekana, Bitwereka yuko hageze.

Refrain

Iki n’igihe co gushika kw’Ijambo ry’Imana ryose, Abiyeza n’ibiyeze, Nube masoneza kw’atari igihe nk’ibindi, {Kubw’ivyo duhore tugavye.} x2