#821
Umukiza Yesu wenyene
Umuco 2
Couplet 1
Umukiza Yesu wenyen’ubwiwe Niwe yankuye mu rwobo rw’urupfu Anzana mw’ihanga ry’abera bayo Ubu nanje nd’umwe mu bana biwe.
Refrain
Ni mumfashe yemwe ndamutazire Uwo Mwami wanje arabikwiye Nta wund’akwiye gushirwa hejuru Atar’Umuremyi w’ijuru n’isi.
Couplet 2
Bene Data twe twagiriw’ Ubuntu Bw’uko tumenya, tukizer’ Ijambo Tube maso tugendane naryo hose Niho tuzomeny’umusi w’Umwami.
Refrain
Ntidusamazwe nivyo tubona vyose Cank’ivyo twumvisha n’amatwi yacu Ahubwo turaramur’amaso yacu Ehe gutabarwa kwacu kuri hafi.
Couplet 3
Uko nzoba meze kwose Mukiza Niko nzokundisha Ijambo ryawe Nubwo nzoba Mwami je ndi kumpfiro Sinzibura kuririmb’urukundo rwawe.
Refrain
Kuko Mwami wanje jewe warankunze Wampitiyemw’umugaba ne mwiza Uwo jewe ntazokwigera nakwa Nuwo kwitwa yemwe Umwana w’Imana.
Couplet 4
Ni muze rero yemwe bana b’Imana Tugend’uko bikwiriy’Abera bayo Mu kwizera, kwizigir’Ijambo ryose Biduharurweko nko kugororka.
Refrain
Bizoduha guhagarara neza Tudatsinzwe namba n’urubanza Tuzoba iburyo bw’Umwami Mana Aho tuzocir’imanza ab’isi bose.
Couplet 5
Mwami Mana eh’imitima yacu Turipfuza cane gutabaruka Ingo Dat’udukure mur’iy’isi Utujane iwacu aho twahoze.
Refrain
Aho nzama ndirimba haleluya Aho nzoshim’Imana ubudasiba Aho ni mu munezero w’Umwami Aho nziber’ibihe bidashira.