Indirimbo Zikundwa Open in the app

#820

Igihe tugezemwo n’ico gusenga

Umuco 2

Couplet 1

Iki gihe tugezemwo n’ico gusenga Kuk’udasenga wese agiye gusigara Nimb’unaniwe no kurorer’inyishu Yamar’isaha yayo yar’igeze.} x2

Refrain

Danieli yarorererye yihanganye Nubw’umubiri war’ufis’intege nke Isah’igeze Malayika w’Imana Azobona amuzaniye inyishu.} x2

Couplet 2

Ikikubujije kurengana n’iki? Aho si wa musozi munini cyane? Teg’amatwi wumv’uko Zelubaberi Marayika yamuzaniy’inyishu.} x2

Refrain

Wa musozi munini we wiyit’iki Imbere y’umusavyi wanje Zelubaberi Uzohava maze ucik’ikiyaya Zelubaber’atambukek’an ezerewe.} x2

Couplet 3

Nimb’udashoboye gusenga rimwe Wihamganir’iryo rimwe urisenge Nimb’usenga kabiri canke gatatu, Wo ngereko rimwe kukw’igihe gikomeye.} x2

Refrain

Tugeze mu gih’intwari mu gusenga, umus’umw’urik’ugend’uy inanira Inandabizi yish’ibint’abibona Ab’imbere bagiye kuba ab’inyuma.