#805
Mu bashitse mu biganza vya Yesu
Umuco 2
Couplet 1
Mu bashitse mu biganza vya Yesu Satani we nta wiw’arimwo Umwami Yesu yaratsinze vyose {Kandi niwe abatsindanishiriza.} x2
Couplet 2
Mur’abo bose bakunzwe na Yesu Bazitijwe n’inkomezi zikaze Bahaw’inkota ikomeye cane {N’ijambo ryera rihesha ubugingo.} x2
Couplet 3
Bana b’Ubwami bwiza b’Uhoraho Haguruke dutonde kurugamba Maz’umwe wese rero yerekane {Ubuzima bw’ubu butumwa twizeye.} x2
Couplet 4
Ivyimburwa ehe birahishiye Abimbuzi raba nabo nibake Jewe se naw’ubona twokor’iki {Tuje kumav’Uhoraho yikorere.} x2
Couplet 5
Imana niyo nyene igikorwa Yagitanguy’izogiheraheza Ninay’ihaguruts’abana bayo {bagakor’igikorwa gishimwa nayo.} x2
Couplet 6
Petero intumwa niwe yabwiwe Ati“Petero rero harageze“ Kutikenyez’arik’uzokenyez wa {Maze ujanw’aho utagomba kuja.} x2
Couplet 7
Namwebwe bana b’Imana nzima Hagez’igihe co kutikenyeza Umwami Yesu niw’adukenyeza {Akaducish’aho agomba ko twoca.} x2
Couplet 8
Muze dusabe yemwe hanga ryera Icorushiriza kurut’ibindi Dusab’ubuzima buva mw’ijambo {N’ubw’agaciro kandi buzohoraho.} x2
Couplet 9
Sabira Bene Data kw’isi yose Niryo tegeko twabwiwe n’Imana ‘‘At’ivyo bihe uko vyegereza“ {Museng’urudaca musabir’Abera.} x2
Couplet 10
Tubikore twuzuy’ivyizigiro Mukwitegura no kwiyeza cane Twiyambur’ivyo bikitunanira {Twitegan’igishika Krist’agiraze.} x2