Indirimbo Zikundwa Open in the app

#806

Biratey’ubwoba

Umuco 2

Couplet 1

Biratey’ubwoba K’umuntu yizey’Imana, akaba yabonye kensh’ukuboko kw’Imana {Ariko ntiyizere Kristo nk’Iman’akaguma akekeranya.} x2

Refrain

None nawe wamaze kumeny’ukuri Utahura Yesu Kristo uwariwe, ntunanirirw’aho. {Komez’ihangane tujimbere, ubwami bw’Imana buregereje.} x2

Couplet 2

Hariho benshi babony’ibitangaza vy’Imana Hari ababony’ibiyaga bikam’imbereyabo {Ariko sibose uko bari bashits’aho basezeraniwe.} x2

Refrain

None nawe wamaze kumeny’ukuri Utahura Yesu Kristo uwariwe, ntunanirirw’aho. {Komez’ihangane tujimbere, ubwami bw’Imana buregereje.} x2

Couplet 3

Abandi ibigatanya vyapfira imbere yabo Hari nabatsinze intambara batarwanye {Ariko Bene Data bitey’ubwoba sibose bizey’Imana.} x2

Refrain

None nawe wamaze kumeny’ukuri Utahura Yesu Kristo uwariwe, ntunanirirw’aho. {Komez’ihangane tujimbere, ubwami bw’Imana buregereje.} x2

Couplet 4

None benshi muribo Imana ntiyabashimye Yaciy’ibahonereza mu bugararwa ko batayumviye {Ivyabaye nakarorero kadukebura, Kugira, dutiny’Imana.} x2

Refrain

None nawe wamaze kumeny’ukuri Utahura Yesu Kristo uwariwe, ntunanirirw’aho. {Komez’ihangane tujimbere, ubwami bw’Imana buregereje.} x2

Couplet 5

Bene Data mw’irinde ntihagire uwo muri mwe. Agir’umutima mubi, wokumwosha kurek’Imana {kandi duhanurane, uko bukeye, bicitwa uyu musi.} x2